BurundiHealthkirundiSanté

Abandi bantu 100 nibo batowe umugera wa Covid_19.

Mu mpera z’iyi ndwi turangije, abandi bantu ijana ngo nibo bashoboye gutorwa ko banduye umugera wa korona, bakaba batowe mu bagera 5300 bapimwe kubera babonanye na bamwe 40 baheruka kuyitorwako.

Thaddée Ndikumana, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu n’ukurwanya Sida amenyesha ko urugamba rwo kurondera abantu bose babonanye n’abanduye rusa n’urwaheze.

Thaddée Ndikumana agasaba ariko abantu bose bumva bafise ibimenyetso vya Koronavirisi kwihutira kwipimisha. Yongera kandi gusaba abantu kubandanya bakurikiza amabwirizwa ajanye no kwikingira cane cane kutaramukanya no kudakoranako, gukaraba n’amazi meza n’isabune kuko abahinga basanze imigera ya Covid19 ihanahanwa cane biciye mu ntoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 504