Burundihomepagekirundisecurity

Amazu y’ubutambiro no kuvuza imiziki mu bubare vyaraye bihagaritswe.

Kuva kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 11 Nzero 2021, amazu y’ubutambito hamwe no kuvuza imiziki mu bunywero vyahagaritswe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano.

Petero Nkurikiye avugira ubwo buahikiranganji yabishikiririje kuri uyu wa mbere waraye uheze mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Petero Nkurikiye amenyesha ko ubushikiranganji avugira bwafashe iyo ngingo kuko abantu benshi vyagaragaye ko bandurira umugera wa Covid-19 bari muri ivyo bibanza.

Yaboneyeho gusaba abanyagihugu kuguma batekanye no kwirinda guha agaciro inkuru z’ibinyoma zica ku buhinga ngurukana bumenyi zivuga amakuru y’ibinyoma ku kiza ca Coronavirus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764