BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi yatanze impamvu ata kigingi w’umukobwa ahari

Kigingi ngo ntashobora gutanga ubumenyi ku bandi bashaka gukora uwo mwuga, igituma ngo nuko nawe ngo hari vyinshi ataramenya.

Mugenzi Aubin Alfred benshi bazi nka Kigingi ngo yarasanzwe abizi kuva kera ko afise ingabire yo gutwenza abantu, ariko mu mwaka wa 2012 niho yatahura ko ashobora kubigira umwuga.

Uwo musore asanzwe akorera insamirizi ya Buja Fm, avuga ko muri uno mwaka wa 2019 afise umugambi wo gutangura gukora ama Video azoza arashira ku rubuga rwa Youtube. Aho akavuga ko akiriko arasuganya bimwe n’ibindi kugira abashe gutangura.

Kigingi avuga ko bitoroshe kuko bisaba uburyo butari buke, kuko bitokunda ko aza arakotesha ibikoresho akoresha ngo bisaba ko aba afise rwiwe. S’ico gusa kuko anavuga ko muri ico gikorwa bimusaba no kurondera abantu bazoza bamwambika.

Mu kiganiro yagiranye na Dj Fanny Kigingi yabajijwe nimba aho ageze yoshobora gushinga ishure ryigisha urundi runganywe ivyuwo mwuga. Mu nyishu yavuze ko bidakunda kuko nawe agifise vyinshi vy’ukwiga, ngo ahubwo habonetse ubwo buryo yoheza akabanza kuja kwiga, amaze kumenya ibihagije ngo niho yoheza akabona gutanga ubwo bumenyi.

Kigingi yanabajijwe muri ico kiganiro nyene impamvu hataboneka hano iwacu abigeme basanzwe bakora ibikorwa nkivyo vyiwe. Avuga ko bahari ariko ngo bagifise ugutinya muribo, igituma ngo nuko abigeme hano bataruguruka, ngo umusi habonetse uwubahuka ngo niho hazoca haboneka n’abandi.

Mwomenya ko Kigingi asanzwe afise igiteramo c’ugutwenza gisanzwe kiba buri ci, murico akaba atumira abandi basanzwe bakora uwo mwuga, baba abahano iwacu co kimwe n’abo muri kano karere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775