East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Shaddy Boo asubiye kandi gushusha imitwe abamukurikira abantu

 

Shaddy Boo yasubiriye kandi gushusha imitwe y’abatari bake mu basanzwe bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Instagram.  Aho n’inyuma yahoo yaramaze amezi Atari make asa nkaho ari mu gacerere, asa n’uwutavugwa.

Iyo nduru igize hafi imisi itatu  yatsa urwo rubuga rwiwe rwa Instagram ikaba yaturutse ku mashusho atatu yashize kuri urwo rubuga. Ayo mashusho akaba aboneka yambwiye agapira ko hejuru, noneho akaba ata kantu yari yambaye hafi, aho akaba yari yicaye.

Nkuko twabashije kubibona, ku mashusho yo mu mezi ashika 3 aheza, iza muri 2 za mbere, ariko akaba aya 1 muri ayo mezi nyene yabashije kuronka ama Commentaire menshi. Afise ama Commentaire arenga 600, nayo abayakunze barenga 25,000 mu masaha arenga gato 72 ashizwe kuri urwo rubuga rukurikirwa n’abarenga 809.000.

Iryo shusho rikaba ryakurikiye irindi yabonetse ari mu gihugu tutarabasha kumenya, noneho aboneka kandi yinjira mu modoka nziza cane. Iryo shusho akaba yariherekesheje ijambo ngo “Umukecuru yubahwe”. Ako kajambo akaba ari akajambo bigeze kumwita, noneho asa n’uwutagakunze, ivyanateje uruhagarara, ariko mu nyuma biboneka ko asa n’uwamaze kukakira.

Mwomenya ko Shaddy Boo ari mu banyarwanda bakurikirwa n’abantu benshi cane, nimba Atari uwa mbere, ashobora kuba ari muri 2 canke 3 ba mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769