BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Sat-b yavuze ku mafaranga Mt Number one yashize mu ndirimbo bakoranye

Mt number one ngo kuba atigeze atinya gushira amafaranga mu ndirimbo n’ikintu ciza n’abandi bokwirikiza. Ivyo bikaba bishikirizwa na Sat-b bakoranye indirimbo yabatwaye amafaranga atari make.

Uno musi Sat-b yasubiriye kandi kugaruka ku ndirimbo yakoranye na Mt Number one. Iyo ndirimbo Sat-b akavuga ko ariyo ndirimbo yakoranye n’umuririmvyi akumva arayikunze cane.

Akoresheje urubuga rwa Facebook, mu gice citwa Live Video kuri urwo rubuga, yumvikanishije iyo ndirimbo, yongera agira vyinshi ayivuzeko.

Muvyo yavuze harimwo ko umuhinyanyuzi w’amajwi y’iyo ndirimbo ngo yakoze neza cane. Kubwiwe ngo bikaba bitagikenewe ko abantu baja kurondera indirimbo zimeze neza mu mahanga

Sat-b yanashimiye Mt Number one kuko ngo atatinye gushira amafaranga muri ico gikorwa. Aho agahanura n’abandi baririmvyi guhamvya uwo muririmvyi muri ico gikorwa. Anamwipfuriza umugisha, ivyo uwo muririmvyi yahavuye yishura mu rurimi rw’icongereza ku rubuga rwiwe rwa Facebook rukurikirwa n’abarenga 95,000.

Ku kibazo c’uburyo Sat-b yagarutseko, Mt Number one twaramurondeye ngo agire ico avuge ku buryo ashiramwo, nimba yiteze kuzobukuramwo. Uwo muririmvyi akaba yatubwiye ko adatinya gushiramwo amafaranga ngo kuko ayo mafaranga nyene ashiramwo ayakura mu muziki nyene.

Mwomenya ko uwo muririmvyi hampande y’ukuririmba, umuziki wiwe usanzwe ugurishwa ku mbuga hafi nka zose zikomakomeye zigurisha umuziki. Urubuga rwa Youtube rwiwe narwo rukaba rumwinjiriza amafaranga, s’ivyo gusa kuko uwo muririmvyi anafise inzu y’ubuhinyanyuzi isanzwe imwegukira, Indonyi Records, yatanguye gukorerwamwo na Masterland imbere yuko aja gukora ivyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775