BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ubugeni bwa Alvin na Nirna ntibukiri ikinyegezwabanga  

 

Nkuko Alvin yari yaravyemeye mu kiganiro yatanze mu mwaka uheze wa 2020 ko azokora ubugeni mu bihe vya vuba, na Nirna umukunzi wiwe nawe aheruka kuvyemeza ku mboneshakure ya hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo mukunzi wa Alvin, yavuze ko muvyo bamaze kuyaga na Alvin ngo harimwo ivy’ubugeni bwabo.  Kandi ngo gushika kuri ino saha urukundo rwabo naho bari kure na kure ngo rwifashe neza cane.

Nirna avuga ko Alvin agerageza kwitwara neza, naho bitoroha kuko ngo aronka kenshi abakobwa bamutesha umutwe nkuko ahora abibona ku butumwa bwo mw’ibanga (Inbox) abakobwa bamurungikira ku mbuga asanzwe akoresha.

Abansi b’urukundo rwabo ngo s’abakobwa barondera Alvin gusa, kuko nawe ngo imisore itari mike iramuja mu matwi imubwira ko badakwiranye na Alvin Smith.

Mu makuru dufise nuko bose uko ari babiri basanzwe bafise abana, Alvin tukaba tutazi vyukuri igitiri, ariko Nirna we akaba aheruka kubwira abamukurikirana kuri Instagram ko afise abana 2, abo bakaba babarizwa muri Canada.

Mukibuka ko mu misi iheze Alvin Smith yigeze gushira ahabona amasanamu yiwe arikumwe na Nirna umukunzi wiwe mu kinanira kwaba Nirna aho yavuga ko bagiye kumwerekana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775