BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Aramutse atanze ayo kwimwesha, ngo n’abandi bokwimwesha nkawe.

 

Abantu bamwe bamwe batanguye gusaba amafaranga yo kwimwesha, ngo bikunde nabo bimweshe nka Natacha Ngendabanka. Abo bariko bayasaba akaba ari bamwe mu bakurikirana urubuga rwa Facebook rwa Natacha.

“Urampa amahera yokwimwesha iyo kwafe natacha woba ukoze, n’ibirungo vyo mu mushatsi.”

Intandaro y’izo Commentaire kuri urwo rubuga rwa Natacha avuye kw’ishusho ry’umwigeme yitwa Sarah yashize ahabona, aho yabonetse yimwesheje nkuko muririmvyikazi. Natacha nawe akamwakira avuga ko umukobwa wese yiyemera ngo yategerezwa kwimwesha nka we.

Natacha yagize ati :“ Umwigeme wese adafise coiffure “MUBIBONA GUTE” nanyaragase abikore vuba kuko iyo coiffure niy’abigeme biyemera gusa.”

Natacha ntiyagarukiye ngaho kuko yanashimiye uwo mwigeme Sarah kuba yarangeye kuri iryo riza ryiwe akajambo “La”. Kubwa Natacha ngo ivyo vyerekana ko ashigikiye umuziki w’uwo muririmvyikazi Laboss.

Yoongeyeko ati : “Hama Nashaka ndagusimire cane my La Sarah kubona washizeko “La” kw’izina ryawe ivyo birerekana ko uri umu fan w’ukuri kandi ushigikira umuririmvyi wanyu laboss. Merci Beaucoup”

Sarah akaba yinjiye mu gitigiri c’aandi batari bake, ariko uwuzwi cane ni La gogo, umwana w’umukobwa akiri muto akunze cane kuboneka haba mu manza canke mu bibanza bitari bike arikumwe na natacha.

Mwokwibuka neza cane ko imbere y’iki kiza ca Corona, uwakora ibintu nkibi Sarah, yahabwa akabahasha kaba karimwo amafaranga Atari make, aha mwokwibuka abishizeko amazina ya Natacha batari bake bahawe amafaranga atari make.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775