East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Naho Tanasha avuga ko yajanywe n’umuziki muri Tanzania, umuhungu wa Diamond ntiyamusize inyuma

 

Inyuma y’induru z’uko uwamureze ngo yoba atariwe muvyeyi, ubu amakuru avurwa guhera ku musi wa gatanu muri Tanzania, ni Tanasha Donna, uwahoze ari umukunzi wa Diamond bakaba banafitanye umwana.

Uwo mwigeme w’umunya Kenya akaba abarizwa muri Tanzania kuva igenekerezo rya 22/1, uwo mwigeme amakuru dukesha Global Publisher ngo nuko yakiriwe ku kibuga c’indege n’imodoka ya Diamond Platnumz, ariko akaba atawurashikiriza ko ariwe ubwiwe yoba yamwakiriye.

Ariko naho biruko, uwo muririmvyikazi yamenyesheje ko ajanywe muri Tanzania n’ibijanye n’umuziki gusa. Akaba yivugiye ko ngo yagiye muri Tanzania gukora amasanamu y’indirimbo bafitanye n’umuririmvyikazi Nandy.

Ariko naho yajanywe n’umuziki, uwo muririmvyikazi ntiyaretse kugenda ajanye n’umuhungu wiwe ari nawe gushika ubu yitwa umuhererezi wa Diamond Platanumz. Uwo mwana akaba yatanguye no kuboneka ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye za Instagram ariko akina na Diamond ubwiwe.

Aha mukibuka ko mu misi iheze, Tiffah na musazawe Nilan ba Diamond na Zari nabo baheruka muri Tanzania, aho bari bagiye kuraba papa wabo, bakaba baranabonetse mu bibanza bitari bike bariko baryoherwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769