BurundiEntertainmenthomepagekirundikirundi_Sports

Francine Niyonsaba avuze rimwe baba barikosoye  

 

Ubwo ibihejeje kuba hagati ya Francine Niyonsaba umunonotsi w’Umurundi na rimwe mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Econet, vyoba vyerekana ko hari iyindi ntambwe igiye guterwa hagati y’abanyabuhinga n’ubumenyi hamwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru? Nta wubizi.

 

Ariko icabonetse co nuko Vuba bwango urubuga rwa Twitter rwa Econet rwaciye rufuta ishusho y’umunontsi Francine Niyonsaba bari bahejeje gushira ku rubuga Twitter rw’iryo shirahamwe.  Aho hari inyuma yaho Francine niyonsaba abarije uwatanze uruhusha ngo bakoreshe iryo shusho ryiwe.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe abatari bake badahengeshanya gusaba ayo mashirahamwe ngo bareke gukoresha amashusho y’abanyamahanga mu bikorwa vy’ukumenyekanisha ibikorwa vyabo, noneho batangure bakoreshe aba hano iwacu.

Abakurikiranira hafi ivy’iterambere ry’igisata kirimwo abo banyabuhinga n’ubumenyi, bakaba bavuga koi co gishobora gutuma habaho impinduka ikomeye cane mw’iterambere ry’ico gisata hano iwacu, ariko amashirahamwe atandukanye asanzwe akorera hano iwacu akaba aboneka nkaho basa n’abakwega ibirenge muri ico gikorwa.

Ariko ivyo bikaba kandi bizwi ko gukoresha ishusho ry’umuntu mu bikorwa vy’ukumenyekanisha ikintu kanaka utabanje kumugisha inama bishobora gutuma akwitwarira mu butungane, ukabibazwa n’uguhanwa ukabihanirwa. Ubwo rero bikaba bigoye kwemeza ko Francine azohava ashika iyo hose, na rirya baciye bayikurako.

Abantu babashije kugira ico bashikiriza ku mbuga zitandukanye zabonetseko amashusho yerekana ivyo bintu, bakaba beretse iryo shirahamwe ko ryoba risa n’iryuriye igiti kiturirwa. Ubona ko uwo munonotsi asanzwe akomeye kw’isi mu bijanye n’ukwinonora imitsi.

Mwomenya ko Francine asanzwe yigeze kuba umuserukizi (Ambassador) w’amashirahamwe atandukanye harimwo na mpuzamakungu, yaba ayari mu bijanye n’ukwinonora imitsi, co kimwe n’abandi bakora urundi rudandazwa, mbere n’abakorera mu bijanye n’ugufasha imbabare.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 889