homepagekirundikirundi_Sportsvolleyball

Vollyball : Gacosmos na Rukinzo mu kibanza ca mbere

Ihiganwa rya Volleyball rirabandanya mu gisagara ca Bujumbura. Kuva ihiganwa ribandanije mu gice caryo ca kabiri benshi bita Phase retour umurwi wa Gacosmos witwara neza ukaba watsinze abakeba bawo Amical na Rukinzo bakaba babikesha umumenyereza mushasha Gahungu Jean Marie yigeze kumenyereza umurwi nserukiragihugu wa volleyball akaba yaratwaye ishirahamwe ry’urwo rukino mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo uwo murwi ubishitseko inyuma yaho wongewemwo abandi bakinyi bavuye muri Rukinzo (Patrick na Hugues) na Bisoro vc (Dorcel).

Uwo murwi urongowe n’uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati Pascal Barandagiye kuva wabaho ukaba umaze gutwara igikombe kimwe vyerekana ko unyotewe igikombe ku rwego rw’igisagara canke igihugu cose.

Rukinzo na Gacosmos banganya inkino bamaze gutsindwamwo ariko Gacosmos ikaba yatsinzwe iseti nke. Ni mu gihe abakeba bawo Rukinzo na Amical baticaye.

Uwo murwi ukazotana mu mitwe na Bisoro hamwe na BUN mu mpera zino ndwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871