BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Iza Mista Champagne ngo n’ukuzigurishiriza we nyene kwi CD

Mista champagne ngo imigambi yahindutse, ngo nta gahunda afise yo gushira Indirimbo ziwe ziboneka muri Album nshasha ku mbuga ngurukanabumenyi zigurisha umuziki.

Uwo muririmvyi yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram numero ya Telephone Aho uwukeneye CD wese ashobora kumuhamagara gutyo bakaraba uburyo iyo CD yomushikira. Izo ndirimbo ngo zizoboneka kuri izo mbuga ngo inyuma y’uko agarukanye amafaranga yakoresheje iyo Album yiwe.

Yagize ati : ” Nahinduye System, nta gushira indirimbo n’imwe kuri mbuga zidandaza indirimbo, ubu ndigurishiriza CD zanje kuwushaka kunshigikira. Simpatira umuntu kugura CD, ariko uwiyumva kunshigikira azonshigikira, maze kugarukana amahera nakoresheje kuri iyi Album niho nzozishira kuri zirya mbuga. 25775673368″

Ivyo bikaba bishitse inyuma yaho yidogeye ko abantu bariko baronona umuziki wiwe mu gushira ku mbuga ngurukamabumenyi nka Facebook Indirimbo yiwe yakoranye na Big Fizzo. Iyi ndirimbo ngo ikaba idashobora gushika kure ngo ikwize nk’umuliyoni.

Naho wumva yidoga, hari abamweretse ko atakoresheje ubwenge, kuko hari ibigo bishobora kumufasha guhagarika ivyo bintu, canke we nyene akavyikorera, ngo kugira bitume izo ndirimbo zidaheza ngo zishirwe ku mbuga zitandukanye.

Ivy’ukugurisha CD wenyene bikaba bimaze igihe bikorwa n’abaririmvyi batandukanye, aho bavuga ko atari ugushaka ko abantu basubira kwumviriza kuri CD, ariko ngo ni ikimenyetso c’ugushigikira baguha mu gihe uba washimye kubashigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799