BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj Philbyte ngo abaririmvyi ba kera nibo bonyene binjiza amafaranga, nay’abandi ntaco bahanoba

Umusi umuziki uzoba winjiza amafaranga meza, kuvuza umuziki azoca ashira hasi aje kurya amafaranga y’umuziki. Ariko ubu aho bigeze ngo umuziki ntiwinjiza nk’ubu Dj, kubwa Dj Philbyte kuvuza umuziki vyopfuma. Ivyo n’ivyo uwo muririmvyi akaba n’uwuvuza umuziki mu birori bitandukanye, yaganirije mugenzi wacu.

Muri ico kiganiro, uwo musore yavuze ko yasanze abaririmvyi bamaze imyaka itari mike mu muziki ngo aribo baronka amafaranga bonyene, ngo ni nabo batanakenera ubundi buzi ku ruhande. Nayo bashasha bo ngo ntaco bahanoba.

Yagize ati : “ Nabonye umengo abaronka amafranga mu muziki, n’abaririmvyi babimazemwo igihe kirekire. Babandi nyene nibo baronka amafaranga, nibo usanga ata n’akandi kazi bakenera mu buzima, muga twebwe urakenera akandi kazi ko ku ruhande.”

Muri ico kiganiro yagiranye na Siren Vibe, Philbert yanavuze ko ico abantu benshi batazi nuko yatanguye gukora umuziki imbere yuko aja gukora ubu Dj, ariko ngo yisanze ivy’umuziki abanje kubishira hasi kuko yumva ko ijwi ritameze neza, ariko biza guhinduka ku ndirimbo Oroha, kubera bamugobereye ngo ashiremwo ijwi ryiwe.

“Je natanguye kuririmba imbere, kandi umuntu yadufashe amajwi ubwa mbere ni Yves Kolly, muga ico gihe ntivyari Serieux, twabigize nk’ugukina, kandi ico gihe narumvise ijwi ryanje sinarikunze. Nico gituma n’indirimbo nakoze mu nyuma sinashatse gushiramwo amajwi.”

Mwomenya ko aheruka gushira ahabona Mixtape y’indirimbo z’abarundi gusa, iyo ikaba iboneka ku rubuga rwiwe rwa Youtube, akaba kandi yashikirije ko ubwo buryo bwa Mixtape ariwe yatanguye kubukora hano iwacu mu runganwe rushasha rw’aba Dj.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775