BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yaga yateye ibuye mu mwijima Big Fizzo akoma induru, none uruhagarara ni rwose

Inkuru yanditse n’urubuga Yaga Burundi, igaruka ku kanovera k’umuziki ugize imyaka hafi 10 uriko urakorwa n’abarundi ntiriko ivugwako rumwe n’abaririmvyi batandukanye, aho bamwe basa n’abashizemwo agashavu katari gato.

Bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha,  abaririmvyi bamwe bamwe bagize ico bashikiriza kuri iyo nkuru yavuga ku kanovera k’umuziki ndundi aho bavuga ko gasa n’akatumutse nk’ifu y’imijira. Izo ndirimbo ziriko zirasohoka muri iyi myaka 11 iheze ngo zose zisa nkaho ari zimwe, kuko n’ubutumwa burabishwa hamwe gusa.

Mu Bagize ico bashikiriza, Big Fizzo yafatiye mu Rwara ico kinyamakuru cashizeko iyo nkuru aho yabasavye kubanza kureka gukoresha ibikoresho mvamahanga, bagasubira kuba mu mashamba nk’ibikoko ngo aho niho bazoheza bakigisha abantu uko bakwiye kugendera umuco n’akaranga muri kino kinjana ca 21.

Big Fizzo yagize ati : “(…) Abo mwigira les Promoteurs de la Culture Burundaise nimubanze musubire mwambare impuzu z’ibiti, muve mu mazu yaba Colonies musubire kuba mu biti n’ibikoko, mureke gukoresha ama machine z’abazungu, n’indimi z’abanyamahanga. Hama mubone gutangura  kugira ama Critique y’ukuntu abarundi bakwiye kugendera akaranga muri 21 eme Siecle.”

Big Fizzo ntiyatamvye yirorera kuko hari abatari bake mu bagize ico bashikiriza ku rubuga rwiwe rwa Facebook basa n’abateretswe ivyo ico kinyamakuru canditse kuko babona ko ikinyamakuru cashizemwo akagaye kenshi, nk’aho umengo abaririmvyi ngo ntibazi ico bakora.

Uwitwa Lapaz yagize ati : “(…) none wewe wasomye agasuzuguro Yaga yakoresheje nkah’umengo abaririmvyi ntibazi ivyo bakora,(…) har’abantu babayeho kubera music bakora bakaja hanze bagakorera amafranga atunga umuryango. Ikintu utakirimwo si vyiza gucritiqua.”

S’uyo gusa yagize ico ashikiriza kuko hari n’abandi batari bake batashimye uko uwo muririmvyi yashikirije ico yarafise ku mutima. Mubo twabashije kubona harimwo ababona ko iciyumviro buri gihe ngo gishikirizwa mu rupfasoni, nayo abandi nabo bakaba bamubwiye ko yarakwiye kwiga kwubaha.

Umwe mu batavuze rumwe nawe akaba yagize ati :“Banza ugabanye agashavu d’abord kuko nivyo wanditse biraboneka ko harimwo amakosa menshi. Hama mu Kirundi bati : “Ubwiriza uwurya ngo uransaba”. Hama kandi burya ngo:“ Iyo uteye ibuye mu mbwa nyinshi iyimotse niyo uba ugemye”. Ku ruhande iwanje il n’y a pas de Creativite dans la musique burundaise. Raba mwikebuke. (…)”

Big fizzo siwe wenyene yagarutse kuri iyo nkuru kuko hari n’abandi nka BOBONA abarizwa ku mugabane wa buraya yamenyesheje ari irya mbera asomye inkuru yanditse kuri ico kinyamakuru ku bijanye n’umuziki akayisubiramwo incuro 10 zose. Yagize ati : “ Nirya mbere binshikiye nkasoma incuro zirenga 10, inkuru yerekeye umuziki iciye ku rubuga rwa YAGA. Bon sinzi wanditse iyo nkuru muga kimwe gusa iyi ni intererano akoze, ntitwirengagize ivyo tubona, kuvuga ukuri vyofasha cane, Yaga bien sana kweli. ”

Si abo gusa kuko n’abandi batandukanye barimwo umuririmvyi Francis Muhire nabo babashije kugira ico bashikiriza, aho babona neza ivy’iyo nkuru.

Muri iyo nkuru bakaba banagarutse ku muririmvyi Kirikou aho muri imwe mu ndirimbo ziheruka gushirwa ahabona asa n’uwavuze mu mvugo zifobetse ibibera ahihishije. Uwo mwanditsi w’iyo nkuru akaba yasa n’uwudoma urutoke kuri Big Fizzo ko atarakwiye kurera uwo mwana uko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775