BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Sat-b arabeshuza ivy’ukwinjiza ayarenga 30,000,000 fbu biciye kuri Romantic Sound

Ku bice 50% ngo ico yari yiyemeje gushikako abicishije muri Ep ya Romantic Sound ngo yarabishikanye. Ivyo n’ivyashikirijwe uno musi n’umuririmvyi Aboubakar Karum benshi bazi nka Sat-b.

Mu kiyago n’umwe mu basanzwe bakoresha urubuga rwa Youtube rwa Lynda lacosta Tv, Sat-b yatanze umuco aho yavuze ko intumbero ya Romantic Sound kwari ukugira akwirakwize ibikorwa vyiwe hirya no hino muri Afrika y’Ubuseruko, ivyo navyo yarabishitseko ku bice bitari bike kw’100.

Sat-b muri ico kiyago yavuze ko indirimbo zose zitankunzwe ahantu hamwe, hakaba harimwo zimwe zakunzwe muri Kenya, mu Rwanda, mu Bugande, eka mu burengero bwa Afrika naho bakaba afise izakunzwe cane gusumba izindi.

Muri ico kiganiro nyene, Sat-b yavuze ku gitigiri 1,500,000 c’abaravye indirimbo ziwe ku mbuga zitandukanye zisanzwe zumviririzwako umuziki nka Spotif, Youtube n’izindi. Yatanze umuco ko abatari bake muribo bava ku rubuga rwa Youtube na cane cane ku ndirimbo Beautifull iriko iregereza Views 1,000,000 kuri Youtube yiwe.

Sat-b yanaboneyeho akaryo ko kubeshuza amakuru avuga ko yoba yaronse amafaranga 1,000,000 $, arenga gato 30,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu, biciye kuri iyo EP yiwe. Avuga ko atarivyo, ariko ngo vyari gukunda ko yari kuba afise amafaranga atari make yakuye muri izo ndirimbo iyo izo ncuri 1,500,000 zari kuba zarabwe ku mbuga zisanzwe zigurisha umuziki.

Sat-b muri ico kiyago bamubajije ryari amasanamu y’indirimbo Beautifull  azosohoka, yamenyesheje ko atari kera gose kuko hari ibiyago Management yiwe n’iya Meddy barimwo bizotuma babasha gushika ku kintu ciza gusumba.

Mwokwibuka ko iyo ndirimbo Beautifull bigitangura itashigikiwe n’umugwi uri inyuma ya Meddy, nawe nyene ubwiwe, ariko inyuma yaho irengereje abantu 500,000 kuri Youtube hakaba haciye hatangura kuboneka abatari bake mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zimenyekanisha ivya Meddy zishigikira iyo ndirimbo mu buryo bukomeye. Ubu ikaba isigaje abantu badashika 80,000 ngo ikwiza Views 1,000,000 kuri Youtube yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799