BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ngaya Amakuba Beautifull yaciyemwo ngo akwize Umuliyoni kuri Youtube

Inyuma y’amezi 2 ya Ndirimbo  Beautifull ya Sat-b na Meddy yahavuye ikwiza Views zirenga 1,000,000. Ikaba ikwije izo Views iri kuri Youtube ifise abantu bake cane kandi atari na Official Video, ariko ari Video bakoze irimwo amajambo ari mu ndirimbo gusa.

Iyo ndirimbo ikaba ishikanye izo Views inyuma y’isekeza ryakozwe n’abatari bake mu barundi mu guhimiriza abantu kugira babandanye kuyiraba no kugisangiza abandi (share) ku mbuga ngurukanabumenyi.

Muri uku kwezi kwa 2 yarimaze ishizwe ku rubuga rwa Youtube, kandi imaze gukwiza views 500,000, niho twabonye bamwe mu bagize umugwi ukorera hafi ya Meddy batangura kuyishigikira, aho n’inyuma yaho ibinyamakuru bitandukanye birimwo n’ivyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda biboneye ko Sat-b ariko atamba yirorera.

Mu kiganiro Sat-b yatanze ku kinyamakuru Igihe, yamenyesheje ko ibura ry’amasanamu y’indirimbo Beautifull ikosa ari irya Meddy. Insiguro yatanga ngo nuko Meddy yabuze akanya mu myaka 2 iheze kugira bikunde babashe gukorana Amasanamu.

Uwo muririmvyi ntiyagarukiye ngaho yanavuze ko Meddy kuba atoboneka mu ndirimbo ngo ata kosa yakoze kuko ico yasabwa yaragishikanye nkuko tubikesha ikiyago yagiranye n’ikinyamakuru Igihe co mu Rwanda. Nayo Meddy n’ino Saha aracari mu gacerere.

Inyuma y’imyaka 2 ikozwe, iyo ndirimbo ikaba yahavuye ishirwa muri EP yashize ahabona muri uno mwaka wa 2020 yise Romantic Sound.

Muri urwo rugendo rw’imyaka 2, Iyo ndirimbo yahuye n’ibibazo bitari bike. bimwe bikaba ari nk’aho Manager bakorana igihe yakora iyo ndirimbo yigeze gukangisha Sat-b gusohora amajwi y’iyo ndirimbo. Aho hakaba hari inyuma yaho batandukaniye bitameze neza, bagirizanya ubusuma ku mpande zose.

Ico gihe nyene haravuzwe ko hari n’amafaranga yatanzwe na DJ Paulin kugira bikunde aje gukorana na Meddy  iyo ndirimbo yakozwe na Yogo Beat mu gihugu ca Tanzania, aho bahuriye uwo muririmvyi yagiye mu bikorwa vy’umuziki, ariko kandi bikanavugwa ko DJ Paulin yaragiye muri Tanzania kuvuga na Meddy kuvy Concert itahavuye iba.

Ico gihe nyene vyaravuzwe ko amajwi ya Meddy Ari mu ndirimbo yakoranye na Sat-b azokurwamwo agasubirizwa n’ay’uwundi muririmvyi, uwo nawe yavugwa akaba yari Mb Data, noneho ngo bakorane Indirimbo batanabanje gukorana mu ntoke.

Naho wumva yahuye n’ibibazo bitari bike, icizere co ngo kirahari ko iyo ndirimbo ishobora gukorerwa amasanamu nkuko abafana b’uwo muririmvyi babandanije babisaba. Ayo masanamu kandi ngo ashobora gukorwa mu gihe kitari ica kure, kuko Management z’abo baririmvyi bose uko ari 2, Sat-b na Meddy, ngo hari ibiyago barimwo kandi biriko bigenda neza nkuko yabiyagiye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Iyo Ndirimbo Beautifull  ya Sat-b na Meddy ikaba ije ikurikira Umbamwo ya Esther Nish na Kidum nayo yaheruka gukwiza Umuliyoni kuri Youtube ya Kidum, co kimwe n’iya Hold me ya Iry tina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775