BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Wiz designer yagarutse ku mpamvu nyezina yatumye ahagarika ubucuti bwa hafi cane na DFTV

Umuririmvyi Wiz Designer ngo ntiyari muri management ya Fanny Nyamurangwa, ahubwo abo muri DFTV ngo bari mu bamushigikiye bikomeye.  Ivyo nivyo aheruka gushikiriza mu kiyago yagiranye n’imboneshakure  ya hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko yasanze ukugirana imigenderanire ya hagufi na DFTV ngo cari ikibazo gikomeye kubera hari abantu batari bake batarabana ryiza n’uwo mumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi mukuru wa DFTV.

“Kwa Fanny kuri DFTV sinari muri Management, n’abantu banshigikira bivanye n’ingabire mfise, bakavuga bati ubuze iki reka tugufashe iki,reka tuguserukire kuri iki kugira nawe utere imbere. Ico ndamushimira, yaramfashije ibintu vya Video n’ibindi vy’ubuzima busanzwe.”

Wiz designer yabandanije agira ati : “Nabaye bugire kurya kuko nasanze yarafise ukutumvikana hagati y’abandi bamenyeshamakuru, je ndi umuririmvyi sinshaka kugira beef n’umumenyeshamakuru, ndondera kuba ndi mwiza ku muntu uwariwe wese, kugira umuziki wanje ubashe gushikira buri muntu biciye ku muntu wese amenyekanisha umuziki. ”

Muri ico kiganiro uwo muririmvyi yabandanije avuga ko hamaze kubamwo umuntu avuga ko badashobora kumushigikira kubera hari ico badahurizako n’uwo bakorana. Ngo nico gituma yaciye ashima gushira ahabona ubucuti bwabo uko bwari bumeze.

“Hamaze kuba aba bantu bavuga bati uyu muntu ntidushobora kumushigikira kubera ari musi y’uburongozi y’uyu muntu, kandi uwo muntu ntitwumvikana, urumva uyu musore wiwe ntidushobora kumushigikira. Nagomba ndabishire ahabona nti jewe nshaka munshigikire kuko ibiri hagati yawe n’urya, jewe  ntavyo nzi sinzi ingene vyatanguye. Nashaka kubishira ahabona ko ntari muri management ya DJ Fanny. ”

Uyo musore mushasha mu muziki ndundi  yabandanije avuga ko yikorana muri bino bihe, ariko afise abo barikumwe bafashanya mu gutunganya ibikorwa yiwe.

Mwokwibuka ko aheruka gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha yise Valentine yanashiriwe ahabona amasanamu inyuma y’ukwezi hashizwe ahabona amajwi yayo ku rubuga rwa Youtube yiwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775