BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yoya Jamal ngo agiye kandi kugaruka guhangana mu muziki ndundi

Indirimbo nshasha z’umuririmvyi Yoya Jamal ziri mu nzira, ivyo n’ivyo uwo muririmvyi yashikirije uyu musi ku rubuga rwa Instagram asanzwe akoresha mu gice ca Storie aho yariko yishura inyishu z’abakunzi b’ibikorwa vyiwe basanzwe bamukurikirana bari bamubajije.

Uwo muririmvyi yamenyesheje ko hari EP y’indirimbo atabashije kuvuga igitigiri cazo iriko irategurwa izoshirwa ahabona mu misi ya Vuba. Uwo muririrmvyi yemeye ko atagiye kugaruka kuririmba gusa noneho ngo ace asubira agende, ariko ngo azoba aje kuririmba agumizako.

Ivyo uwo muririmvyi abishikirije inyuma yaho yari yigeze kuyagira bimwe mu binyamakuru vya hano iwacu ko ibintu bitoroshe ngo abashe gukora indirimbo mu gihugu yasuhukiyemwo.

Uwo muririmvyi yanemereye abakunzi b’umuziki wiwe ko izo ndirimbo agiye gushira ahabona zizobasha kuboneka ku mbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zidandaza umuziki. Aho akaba yariko yishura uwariko amwidogera amubaza impamvu indirimbo ziwe zitaboneka ku mbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zigurisha umuziki.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi indirimbo yiwe ya nyuma ari Mutima yasohotse haraheze umwaka, ikaba imaze kurabwa n’abarenga 39,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775