BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Umuryango wa Bruno wavuze ku bagizi ba nabi baheruka kumukubita

Mu kiyago na Isanganiro, umuhungu wa Bruno simbavimbere benshi bazi nka Member avuga ko igikenewe muri kino gihe ari amafaranga, kuko ivyo bakenera vyose bisaba amafaranga.

Bruno SImbavimbere ngo abandanya kuvurwa ukuri kwamya nkuko bishikirizwa n’umuhungu wiwe aho yaganira n’imwe mu nsamirizi za hano iwacu.

Uwo muhungu wiwe avuga ko umuryango wahamagawe uwo muvyeyi amaze gushika kwa muganga, ngo kuko niho bamumenya bamaze kumuhanagura amaraso.

Muri iri iryo joro uwo muvyeyi agirirwa nabi, ngo yaravuye mu birori vy’ishirwa ahabona ry’ibikorwa vy’umuririmvyi atabashije kwibuka.

Ku kibazo c’uko abo bagizi ba nabi bari basanzwe bamuhiga canke ari abiyadukije, uwo musore avuga ko ataco yobivugako gushika ubu kuko ivyo bintu vy’imipanga bikunze kwiyadukiza muri ako gace basanzwe babamwo, Kibenga.

Kuri micro ya Christian Nsavye, uwo musore avuga ko muri kino gihe bakeneye amafaranga cane, kuko ibintu vyose bakenera ngo avurwe bibasaba amafaranga.

Mwokwibuka ko uwo murongozi wa AMB yakubiswe n’abagizi ba nabi bakamukomeretsa bikomeye mu mutwe, aho hari ku musi wa gatanu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775