BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Meddy baramwiyamye ngo ntaco afise asigura ku nyifato yifashe imbere ya Sat-b

Bamwe bati Meddy arikanguye inyuma yuko Sat-b aronse Views zirenga 1,000,000 ku ndirimbo bari bakoranye ariko ntagire ico amufasha mu kuyimenyekanisha. Ivyo bakaba babivuze muri commentaire aho muri rino joro Meddy ashoboye gushira kuri iyo Instagram kaka Video kerekana ko ya Ndirimbo Beautifull ko ikwije Views 1,000,000.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu niho Ngabo Medard benshi bazi nka Meddy yashikiriza ubutumwa nyezina aho yavuga ivyashitse kugira ntabashe gushigikira Sat-b mu gikorwa bakoranye haraheze imyaka hafi 3.

Meddy yagize ati : “ Hari benshi bakomeje kwibaza byinshi kuri iyi ndirimbo… Reka ntange umuco… Ntitwabashije kwumvikana neza n’uwakoze iyo ndirimbo kubera uburyo twifuza gukora, ariko hampande yivyo nta kindi kibazo cabayeho…. Ariko kandi nashaka mvuge ko Sat-b ari umwe mu baririmvyi bihangana kandi baciye bugufi nabashije kubona, kandi narabimukundiye… Genda mukore Subscribe kuri Chanel yiwe ya Youtube kandi munasangize abandi indirimbo ziwe, kandi n’abatarayibona barabe….Sat-b bandanya ukora ibikorwa vyiza muvukanyi… Kaze muri Milli Gang.”

Inyuma y’ubwo butumwa bwatanzwe na Account ya Meddy iri Official, izindi zitandukanye zisanzwe zikoreshwa n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe binashoboka ko harimwo n’izo wenyene ubwiwe akoresha, yamenyesheje ko iyo ndirimbo itakozwe neza, habuzemwo Mastering nziza.

Compte iri muri zimwe twavuga hejuru yitwa @meddy_inkoramutima yanditse mu congereza igira iti: “That Song Needs a Better Mastering and Remake.” Ubwo butumwa ntibwakiriwe neza na bamwe kuko hari abishuye ko ico ciyumviro cari gutangwa mu mezi 2 ari inyuma apana ubu yamaze gukwiza 1,000,000 Views.

Muri izo Compte za Instagram zikoreshwa n’abayoboke ba Meddy, hakaba hari n’iyavuze ko ibura rya Meddy muri iyo Promotion y’iyo ndirimbo ngo ari kubera iyo ndirimbo itari bwakwize 1M Views, noneho ngo sat-b aje muri Milli Gang, ariko ubu kuko yamaze kwinjira mu gitigiti c’abakwije izo Views ngo ashobora kumuposta incuro zitari nke ku musi.

Iyindi Commentaire twabashije kubona n’iy’iyo Compte Official ya Meddy aho yavuze ko mu bantu bariko baravuga ata numwe yaririmvye muri iyo ndirimbo. Mu Yandi majambo akaba yashatse kubabwira ko ata jambo bafise mu kiyago cabaye hagati yiwe na Sat-b.

Naho Meddy yagerageje kwisigura, abatari bake mu bagize ico bashikiriza twabashije kubona ntibashima izo nsiguro Meddy yatanze kuko babona ko harengeranye gutanga insiguro ku nyifato yamubonetseko.

Bamwe mubon twabashije kubona bagize bati : “Meddy mu mezi 2 aheze niho wari gutanga ico ciyumviro.”  Uwundi nawe ati : “Nibwo wibutse ko Imana ibaho kandi ikora?? Ubonye yujuje Millioni nta mbaraga zawe ziriho uhita uca bugufi.” S’uwo gusa kuko hari n’uwamukoze mu nkovu amubaza niba ubu ako kabazo uwayikoze yagakosoye ko abashije kuyishigikira, yagize ati : “Meddy usibye ko uri im***a ubuse uyi postinze producer ako kabazo yagakosoye ra… Kwigira uwahatari gusa.” Naho bamwe bamuteye amabuye hari n’uwagiye hagati ati igikomeye nuko mwakoranye ivyakurikiye birashobora ko tutabitahura.

Iyo ndirimbo akaba ayishigikiye kandi inyuma yaho uwitwa Thecatbabalao nawe amenyeshereje ku rubuga rwiwe rwa Instagram ko ariwe yakoze ibishobora vyose ngo iyo ndirimbo ya Sat-b na Meddy ikwize 1Million, kuko ngo Meddy yari yamuteye akagere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775