BDUSADiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

#BDUSA|BIG| Bamwe ururimbo rwabo ni amatora meza, abandi ni ubutungane, bizoherera he?

Mu gihe hasigaye amasaha aharurwa ku ntoke kugira haboneke indongozi zishasha za BDUSA, haracariho umurwi w’abarundi baba muri America wemanga ko ayo matora yoba ari inkinamico.


Amatora y’indongozi za BDUSA yatamguranye n’impera z’umwaka wa 2020, mu nyuma yongerwa ikiringo ku nvo z’uko hariho bamwe bavuga ko ari amatora atiziwe ku mvo zuko uwahoze arongoye iryo shirahamwe Sammuel Ndayiragije ashobora kuyitoreza.

Budakeye kabiri Samuel aba aratanze imihoho, ivyahimbaye cane abatamunwa no mu mazi, bari mu murwi bivurwa ko urongowe n’umukeba wiwe umukozi w’Imana Gile Ndikumana avuga ko aramutswa BDUSA imbere y ‘amategeko ya Arizona.
Nubwo hongewe ikiringo abo batavuga rumwe na Sammuel bakaba batigeze baha nirwere amatora yariko arategurwa nabo bise abayoboke ba Ndayiragije maze baguma bumiye ku butungane bwa Arizina.

Ibintu vyagiye kumera nk’ibibaye bitoto mu gihe bamwe mu banywanyi b’ishirahamwe barikumwe n’indongozi z’iryo shirahamwe mu ntara barungikira ikete Sammuel iyo yari ari mu karuhuko i Burundi bamusaba ko yogaruka kwitoreza uburongozi bw’iryo shirahamwe.

Inyuma y’agacerere kenshi Ndayiragije yahagurukanye ivyapa vyiyamamariza ubwo burongozi ndetse agirako yerekana ko iryo shirahamwe rimaze kuba rinini aho ryongeyeko n’ikindi gisata c’ukuziganya n’ukwitezimbere BIG(BDUSA, Imvestment Group).

Muri kano kanya amatora akaba ashushe cane aho abiyamamaza bataruhuka, ndetse hakaba harimwo no guterana amajambo mabi hagati y’abayashigikiye n’abatayerekwa.

Nubwo biruka tubajije mu buro bijijwe amatora bo batumenyesha ko isango ari ntabanduka ukwezi kwa Ruhuhuma guhera BDUSA ifise indongozi nshasha.
Ivyankenerwa vyose kugira habe amatora y’indongozi, ay’umushinguzi ndetse n’umwanditsi bikwiye.

Ku kijanye n’amakenga ko amatora yo kwibwa hakavyuka impari uwo murwi urabahumuriza ko bataguye ubuhinga bugezweho kuburyo umuntu atora rimwe kandi akagenda abonye ko ijwi ryiwe ryinjiye, ndetse ubwo buryo bukaba bwubahiriza amategeko ya guma mu nzu mu kwikingira ikiza Corona.
Indundi Magazine ikaba yifurije BDUSA n’abanywanyi bayo kugira ibihe vy’amatora neza.
Tukazobamenyesha uko yagenze , ivyayavuyemwo amaze guhera.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 470