BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yaba B Face ya DJ Pro bahuriza ko uwuri mu rudandazwa rw’umuziki atarindiriye ko Spotify itangura gukora aha iwacu

Itangura gukora rya Spotify muri kano karere Uburundi burimwo ngo ni ikintu gikomeye cane ku baririmvyi b’abarundi, Ivyo n’ibishikirizwa na DJ Pro mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine.

Ico kigo gisanzwe kiza kw’isonga ry’ibidandaza umuziki kw’isi, giheruka kwongera ibihugu birenga 80 mu gitigiri c’ibihugu bigeye gukoresha urwo rubuga mu kwumviriza ibiganiro co kimwe n’indirimbo zitandukanye.

Twashatse kumenya akarusho abaririmvyi bazogira, noneho tuganira na bamwe mu baririmvyi twabashije kuronka. Yaba B Face yaba DJ Pro iciyumviro ni kimwe nuko ari iterambere ku muziki ndundi. DJ Pro we akaba yabandanije avuga ko ko ari ikintu ciza cane kuko abumviriza izo ndirimbo muri kano karere ngo bari bake cane ugerereranije n’ahasigaye kw’isi.

Yagize ati: “Ico nshobora kuvuga kuri Spotify gutangura gukora ngaha iwacu, nuko igihugu cacu kizoheza kikongereza abadukurikira, no gutuma Abaririmvyi bagira ico binjiza kirushirije.”

Ku kibazo c’uko abaririmvyi batari basanzwe bahurumbira izo mbuga bazohava baca bazihurumbira gusumba nkuko twagiye tubibona ku mbuga zitandukanye nka Youtube, Instagram n’izindi. Abo baririmvyi bose bavuga ko ata kwingingwa ku muntu azi iyo ariko araja.

B Face yagize ati : “Biravana kuko ku muntu atahura ko ari mu rudandazwa, ntarindira ko amubwira. Uwudakora umuziki wo kwiryohera, akora umuziki nk’akazi ategerezwa gukurikira ikintu cose kimwinjiriza amahera. Nio gituma abazi ko ari urudandazwa batanguye ibi vyose bitaraza.”

Nayo ku kibazo kijanye n’uko abarundi bazohava baca bahurumbira izo mbuga ngo nuko zitanguye gukorera hano iwacu, B Face avuga hari abari baratanguye kuzikoresha imbere yuko banamenyesha ko itanguye gukorera hano iwacu, nayo DJ Pro we akaba abona ko batazoshoka bayitabira ngo bizosaba ko abaririmvyi bereka abakunzi b’ibikorwa vyabo akamaro ko gukoresha iyo mihora, n’ico bizoheza bigafasha abaririmvyi.

DJ Pro yagize ati : “ Uburundi n’igihugu gikunda ko utegerezwa kubanza kubumvisha ikintu, ubereke uti iyi Spotify ikora uku, akamaro kayo n’aka, ushaka gushigikira umuririmvyi ubigenza uku. Kubw’ivyo sinibaza ko novuga ngo bazoca bayihurumbira, ahubwo n’ahacu twebwe abaririmvyi ho guhaguruka tukabereka uko Spotify ikora, idufasha muri izi nzira. Nitwafata umwanya nk’abaririmvyi kubibumvisha, bizotuma twebwe bitabira akamo tuzoba twabateye.”

Muri ico kiyago cacu, twashatse kumenya nimba hari ico bizodufasha mu guteza imbere umuziki, Dj Pro avuga ko bizofasha cane kuko abarundi ubu bazoheza bakaronka akaryo ko gukurikirana kuri iyo mihora izo ndirimbo. Nayo B Face we avuga ko ari ngirakamaro cane, kuko abona ko ari akaryo keza kuko abumviriza abaririmvyi bakomakomeye kw’isi bazoheza bagaca bahaguruka bakara n’izo zabo.

Nayo ku kijanye n’agafaranga bahora binjiza mu gihe Uburundi n’ibi bindi bihugu bitari bwinjire, B Face avuga ko akiri mushasha nawe, ariko Dj Pro we avuga ko uravye amahera binjiza buri kwezi, ngo izo mbuga zibinjiriza amahera make cane ngo ni n’ibice 10 kw’100 vyayo binjiza buri kwezi.

Mwomenya ko urwo rubuga rwatanguye gukora ku mugaragaro aha iwacu guhera ku musi wa gatanu mu gihe ku musi wa mbere ariho bamenyesha ko bagiye gutangura gukurikiranwa mu bindi bihugu birenga 80 kw’isi birimwo ibihugu vyo muri Africa y’ubuseruko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775