East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Ivya Diamond Platnumz na Alikiba bishobora gufata iyindi ntumbero

Icizere ngo kirahari ko Diamond Paltnumz na Alikiba bazoza mu misi ya Vuba bakumvikana, ico n’icizere gishikirizwa na bimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania, kuko ukutumvikana hagati y’abo bagabo kumaze igihe kitari gito. 

Muri ino misi habonetse umuririmvyi ALikiba kuri Live ya Instagram aho yariko aririmba indirimbo zitandukanye zirimwo iz’abaririmvyi batandukanye bo muri Wasafi, barimwo Diamond, Mboso, Rayvanny, Lavalava canke zuchu.

Uwo muririmvyi vyarabonetse ko ata gahemo karimwo mu kuziririmba, mbere zimwe na zimwe nk’iyo Diamond yakoranye n’umunyamerika yavuze ko yakunzemwo Beat uburyo ikoze.

Ibinyamakuru bimwe bimwe vyo muri ico gihugu vyagerageje kurondera umusahirizi, Manager wa ALikiba bamubaza icatumye uno musi aboneka aririmba izo ndirimbo ibintu abantu batari bake bafata nk’imbonekarimwe.

Uwo musahirizi wiwe yamenyesheje ko ku bandi ari imbonekarimwe ariko kuribo ari ibintu bisanzwe, ngo iyo ari mu bihe vy’umunezero, uwo muririmvyi aririmba cane,kandi akumviriza gose umuziki wo muri Tanzania.

Abantu bakaba batanguye kugira icizere ko ibintu bigiye kumera neza hagati y’abo baririmvyi uko ari babiri. Abo baririmvyi uno musi bakaba baharurwa mu Tanzania batumye umuziki wabo urushaho gukundwa mw’isi hose, kandi bakaba baharurwa mu baririmvyi bagiranye Beef imaze igihe kirekire cane.

Mwomenya ko mu mwaka wa 2019, Alikiba yigeze kuvugwa mu gitigiri c’abaririmvyi bari bwitabire Festival ya Wasafi ico gihe yariko irategurwa, ariko uwo muririmvyi mu nyuma yahavuye avyamirira kure avuga ko atarivyo na gato kuko ataco bigeze babivuganako. Kanatsinda akaba yanavuze ko nubwo bari kuba babimusavye ngo ntiyari kwemera kuja mu bikorwa vy’uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769