BurundiCooperationhomepagekirundi

Igihugu ca Amerika carungitse uwugiserukira mushasha mu Burundi

Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 2 Ntwarante umwaka 2021, niho Mélanie Higgins yabonana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aje kumumenyesha ko ariwe yarungitswe ngo aserukire ico gihugu mu Burundi.

Mu myitwarariko ya Mélanie Higgis ngo ahanini ni ukunagura imigenderanire hagati y’Uburundi na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi yamenyeshe ko mu mubonano bagiraniye izo mpande zibiri zemeranije ko zigiye gukorana neza kugira ngo abenegihugu nabo bazohatorere akoyoko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768