Basketballkirundikirundi_SportsSport

#ACBAB| Matthias Bigirimana yakeje Kern BBC

*Umurwi wa KERN BBC utahanye igikombe c’ihiganwa rya ACBAB inyuma y’imyaka 15 ico gikombe badakorako, muri 2005 bamenyerezwa na Mathias Bigirimana, uwo mu menyereza akaba yakeje yivuye inyuma abakinyi, abamenyereza, hamwe n’indongozi .

Aganira na Buja fm , uwo yahoze amenyereza Kern yavuze ko yashimishijwe n’urunganwe rushasha rwa Kern ngo na cane cane abo yamenyereje Alvin Ninziza na Rodrigue Busiku , ikindi camukozeko kikanamuryohera ngo nuko uwo yamenyereje Ndumutima Joris ari mu bamenyereza babiri buwo murwi bafashije gutwara ico gikombe akanavuga yuko uwutwara uyo murwi nawene yamumenyereje muri kahise .

Kern itwaye igikombe kubera ishaka no gukorera hamwe.

Ihiganwa rya ACBAB ryaraye ritahukanywe n’umurwi wa KERN BBC bitoroshe namba. Ninyuma yaho umurwi w’URUNANI BBC, bahatanira ico kibanza cambere utsinzwe na DYNAMO BBC mumpera z’ino ndwi turangije.

Bamwe mu bawumenyereje barashimye iyo ntambwe aha twovuga nk’uwahoze awumenyereza igihe uherukira gutahukana ico gikombe mu mwaka wa 2005 umushingantahe *Mathias BIGIRIMANA* muri ico kiganiro agira ati :”N’Iteka ku murwi wacu dukunda KERN , n’iteka kuri jewe no kubo naramuye ubu bafise amabanga akomeye muri uyo murwi “.

Tubibutse ko KERN BBC yatahukanye kino gikombe , basigaje urukino rumwe arirwo rwa nyuma rwabo mwihiganwa bazokina n’umurwi wa Dynamo BBC mu mpera zino ndwi turimwo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 637