BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Big Fizzo yavuze ku muririmvyikazi muri Bantu bwoy

Big Fizzo avuga ko hataragera ko azana umwigeme muri bantu Bwoy, nayo abovuga ko vyoba bituruka ku mutambukanyi wiwe, ngo sivyo kuko muri iyo Label hasanzwe hanakoramwo abandi bigeme.

Mu gihe abantu benshi babandanya bibaza nimba Big Fizzo adashaka kwinjiza muri Bantu Bwoy umuririmvyi w’umukobwa, na rirya dufise inkehwa, uwo muririmvyi yahavuye agira ico abivugako.

Aganira n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, Big Fizzo avuga ko umugambi awufise w’ukuzana umwigeme, ariko ngo ntiharagera ko amuzana.

Muri ico kiganiro na Dj Fanny yabajijwe nimba ukutamuzana kutoba guturuka ku mutambukanyi wiwe, uwo muririmvyi amwishura ko muri Bantu bwoy hasanzwe hakoramwo n’abandi bigeme, ngo ico sico kibazo.

Gushika ubu hakaba hacitezwe indirimbo zitari nke buca zishirwa ahabona, zirimwo iz’abagize uwo murwi zitezwe muri uno mwaka, ariko kandi n’urukurikirane rwiwe rushasha narwo ngo azoshira ahabona.

Mwokwibuka ko abagize Bantu Bwoy muri kino gihe ari Big Fizzo ubwiwe, Kirikou hamwe na Double Jay onceagain.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775