BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi yavuze ku ruhagarara rwari hagati ya se na Nyina

Kigingi mu giteramo yakoze ku musi mukuru w’abakundana, yaramenye ibanga avuga ko hari uruhagarara hagati ya se na Nyina bimuturutseko.

Mu giteramo Mugenzi Alfred Aubin yakoze kuri uyu wa 14 ruhuhuma, ku musi wahariwe abakunda, yaravuze ku rukundo rwiwe akiri muto, n’icamukiza kenshi.

Muri ico giteramo kigingi yavuze ko udukete twahora twandikwa aho hambere hahise twigeze kumukora, igihe Nyina yatubona.

Amajambo y’urukundo yarimwo, uwo muvyeyi ngo yarayahinduye ayafatanya n’ivy’amashure yarimwo ico gihe. Ariko se we ngo yaramushigikiye amaze kuvyumva.

Hagati yabo bavyeyi biwe, ngo ntivyari vyoroshe bariko baharira kuri iryo kete kigingi yanditse. Igituma ngo nuko se yamushigikiye kandi Nyina yashaka kumuhana.

Se ngo yamushigikiye amaze gusoma igifaransa n’icongereza caba kiri muri iryo baruwa yandikira umwigeme. Kuko kigingi we yarafise uburyo bwiwe akoresha, aho yakoresha amajambo yakura mu ndirimbo, canke ivyese, Poeme, zaba zanditswe n’ibindi, nkuko yavyivugiye.

Urwo ruhagarara, kigingi ngo yarurabira kure kuko hampande y’ugushigikirwa na se, uwo wanyuma ngo yahavuye anabwira nyina wa kigingi ko yobanza akaraba iyo ngabire y’ukwandika Kigingi afise. Kubwa se ngo nimba Nyina atavyemera ngo nawe n’afate agakaramu abikore arabe.

Kigingi akaba abishikirije mu gihe yaheruka kumenyesha mu kiyago yagiranye na mugenzi wacu Dj Fanny ko abigeme bama bamubenze kubera akazi kiwe k’ugutwenza abantu, imbere yuko yironkera umukunzi, Marina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775