Burundihomepagekirundi

Yatunganirijwe inyuma y’imyaka yababa itatu yagomba ihere arenganijwe

Umuryango w’umupfasoni Scholastique Minani wari umaze imyaka hafi itatu yari igomba ihere urenganijwe n’ishirahamwe ryimba ubutare Tanganyika Mining Burundi, watunganirijwe kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 15 Ntwarante 2021.

Amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni 65 123 500, niwo muzibukiro washikirijwe umuryango wa Schorastique Minani na Reta y’Uburundi iserukiwe n’umuhuza w’abarundi Honorable Edouard Nduwimana ari kumwe n’umushikiranganji w’amazi, ubutare n’agataka.

Uwo muzibukiro ukaba ari uw’ikibanza carimwo igiterwa c’icayi c’uwo muryango hasanzwe hariko haracukurwa ubutare n’ishirahamwe Tanganyika Mining Burundi.

Scholastique Minani yakengurukiye cane Reta y’Uburundi hamwe n’umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana kurico gikorwa c’iteka baranguye cari kimaze igihe carananiranye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764