BurundiGenderhomepagekirundi

Umugore afise ico amaze mu muryango arubahwa

Ni kuri uyu wa Mungu, igenekerezo rya 28 Ntwarante 2021 mu Kigo c’urwaruka co mu Kamenge ahari hatunganirijwe isabukuru mpuzamakungu y’uburongozi bw’abakenyezi ku civugo : “Ubahuka mugende gushika kure”.

Uwurongoye ishirahamwe “Wise Women” Nizigiyimana Sandrine, ari naryo ryatunganije iyo sabukuru avuga ko batumiye abakenyezi kugira babawire ko bashoboye, batoguma hahandi bari mu myaka iheze, bongere bababwire ko ubu bashobora guhaguruka bagakora ibintu bikomeye batari bwigere bakora nk’abakenyezi.

Hambavu yo kubakangurira kutisuzugura, no gukomeza indero y’abana babo, abakenyezi bahaye inyigisho abandi bakaba bagarutse ahanini ku kuntu abakenyezi borwanya ubunebwe kugira nabo bagire ico baterera mu muryango. Maître Solange Murerwa abwira Umukenyezi ati :

“Gira umutwe munini wakire ibintu vyinshi. Ugire amatwi manini wumvirize ibintu vyinshi. Ugire amaboko manini ukore ibintu vyinshi. Ube umuntu afise ico amariye umuryango. Ugire amaboko menshi hama uce wigirira umunwa mutoya uvuge bike. Bizogushikana kure, bizogushikana heza. Urugo rwawe ruzoba urw’iteka. Umushingantahe wawe azogukunda kuko azoba abona ufise ico umaze mu muryango. Umugore afise ico amaze mu muryango arubahwa”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764