Burundihomepagekirundi

Abakiri bato ngo ntibemezwe n’abavyeyi badashaka ko bakurikira ivy’ingabire zabo

Iyo uganiriye n’abatari bake mu bakora utwabo, ukababaza icoba carabagoye mu gutangura ivyo baba bariko bakora, kimwe muvyo abatari bake bahurirako n’ukubura uburyo bwo butanguza iyo migambi baba bafise, ico nyene nico cabaye kuri Steve Berger Nzitonda asanzwe yikorera utwiwe mu gutegura ibifungurwa, Cuisinier Patissier.

Uwo muhinga mu guhingura ibiribwa iyo ataronse amajambo y’ukumunegura ibitagenze neza ngo ntibimuryohera. Impamvu ngo nuko iyo bamubwiye ikitagenze neza, aheza agaca yikosora kugira hanyuma ntibizosubira kuba.

Mu kiganiro The Pushers gica ku mboneshakure Isanamu Media Tv yavuze uburyo yatanguye gukora uwo mwuga uno musi umutunze ukamutungira umwana n’umutambukanyi. Berger avuga ko akiri muto yahora akora udu cake two kurya mu rugo.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muhinga yavuze ko ivyo akora vyose abikunda cane, akanibaza ko urwo rukundo ashobora kuba yarurahuye kuri nyina, kuko afise umuvyeyi akunda cane guteka.

Naho uno musi ageze ahipfuzwa n’abatari bake, ngo intango ntiyari yoroshe, kuko vyamusaba kugurana amafaranga iyo yaronse uwumugomwa ngo amukorere Gateau, naho atayaronka imisi yose kuko haraho yabura uwumwizera. Ariko ntivyamuciye intege kuko ukubika dukeduke n’inguvu z’amaboko yiwe vyamushikanye aho ageze uno musi.

Nzitonda avuga ko  ikimuhimbara n’ukubona ko uwamwizeye akamwitura amuryoheye akagenda anezerewe.

Uwo muvyeyi yahavuye kandi anavunira akagohe abakiri bato, aho abasaba kutajana n’uko abavyeyi bagize aho rimwe na rimwe babankira gukurikira ingabire Imana iba yabahaye. Akaba yabasavye gufata umwanya bagasigurira abavyeyi babo bakabereka ko izo ngabire zobashikana kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764