footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Coupe du Président : Uku niko imigwi yatsindanye mu gice ca 1/8 gishira icanyuma

Kuva ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 24 gushika igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2021, inkino zo gusubiriza z’igikombe c’umukuru w’igihugu zarabandanije mu gice 1/8 gishira icanyuma .

– Vital’o Fc yatsinzwe na Rukinzo Fc igitsindo 1-0 , ariko Vital’o ikaba ariyo yaciye ironka amahirwe yo kubandanya mu gice ca 1/4 gishira icanyuma bivanye n’uko urukino rwo gutangura yari yanyagiye Rukinzo ibitsindo 3-0.

– Buhumuza Fc yatsinzwe na Musongati Fc ibitsindo 3-1 , mugihe urukino rwo gutangura iyo migwi yari yanganije 0-0 ivyatumye Musongati ubandanya mu gice ca 1/4 gishira icanyuma .

– Bs Dynamik yanganije 0-0 n’umugwi Bumamuru ariko Bumamuru niyo yaciye ibandanya mu gice ca 1/4 gishira icanyuma bivanye n’uko urukino rwo gutangura yari yatsinze ibitsindo 2-1

– Inter Star yanganije na Messager Ngozi igitsindo 1-1 , ariko Messager yaciye ibandanya mu gice ca 1/4 gishira icanyuma bivanye n’uko urukino rwo gutangura yatsinze Inter Stars igitsindo 1-0

– Flambeau du Centre yanyagiye Telaviv ibitsindo 6-1, mugihe urukino rwo gutangura iyo migwi yari yanganije igitsindo 1-1 , ivyatumye Flambeau du Centre ibandanya mu gice ca 1/4 gishira icanyuma .

– Lumière de Mwumba yatsinze Garage Express ibitsindo 3-1 , mugihe urukino rwo gutangura Garage Express yari yatsinze uwo mugwi ibitsindo 4-1 ivyatumye uwo mugwi ubandanya mu gice 1/4 gishira icanyuma .

– LLBS4A yanganije na Olympic Star igitsindo 1-1 , mugihe urukino rwo gutangura Olympic Star yari yanyagiye LLB ibitsindo 3-1 , ivyatumye uwo mugwi ubandanya mu gice 1/4 gishira icanyuma .

– Buja City yatsinzwe na Royal Fc ibitsindo 3-0 , mugihe urukino rwo gutangura iyo migwi yari yanganije ibitsindo 2-2, ivyatumye uwo mugwi ubandanya mu gice 1/4 gishira icanyuma.

Uku niko imigwi izohura mu gice ca 1/4 gishira icanyuma :

-Vital’o Fc izohura na Royal Fc

– Musongati izohura na Olympic Stars

– Bumamuru izohura na Messager Ngozi

– Garage Express izohura na Flambeau du Centre.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891