Burundihomepagekirundisociete

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yakiriye abarundi bahungutse

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2021, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano Gervais ndirakobuca yakiriye abarundi bagera kw’159 bari bahungutse bavuye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Abo bahungutse bakiriwe ku mupaka Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda ahitwa Gasenyi-Nemba mu ntara ya Kirundo, bakaba baje baherekejwe na Filippo Grandi umukomiseri mw’ishirahamwe rya Amerika ryitaho impunzi kw’isi, HCR.

Mw’ijambo ry’ikaze, umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko kw’izina rya Reta y’Uburundi anezerejwe n’ukuntu abarundi bari barahunze igihugu bariko barahunguka ku bwinshi ivyerekana ko bariko baritabira akamo batewe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agirako abahamagarira gushika bijukira ibikorwa vy’iterambere.

Gervais Ndirakobuca yaboneyeho kandi kubibutsa ko nyamwigendako atarimira impeshi aca abahamagarira gushika baja mu mashirahamwe yo kwiteza imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765