Inama nshingamateka yize yongera iremeza, kuri uyu wa mbere, integuro y’itegeko rigenga imfashanyo yatanzwe n’ibanki y’isi ingana imiriyoni zishika 54 z’amadorari y’abanyamerika, ibicishije mw’ishirahamwe rijejwe iterambere kw’isi IDA.
Iyo mfashanyo izosahiriza umugambi Kira mu kubandanya kuvura ku buntu abana batarakwiza imyaka 5, gukurikirana amagara y’abakenyezi bibungenze, ibijanye n’abaremeshakiyago bo mu ntara 13 harimwo no gufasha abakorewe amabi afatiye ku gitsina.
Abashingamateka bashatse kumenya igituma imiti idashikira ababa bayigenewe mu mavuriro matomato. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thadee Ndikumana, yishuye ko ubu hari ubuhinga bwagiyeho kugire imiti ntije aho itagenewe.