Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

#cibitoke| Ihiganwa ry’umubano mwiza no gusubizahamwe nico kiyago kigezweho

Mu mpera z’indwi twaraye dusozereye muri zone ya Cibitoki mu gisagara ca Bujumbura haratangujwe ihiganwa ryitiriwe umubano mwiza no gusubiza hamwe.

Uko imirwi yahuye n’ingene yatsindanye.

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 02 Ndamukiza 2019 bakaba bakinye ukugukutikira: Isaha imwe n’igice (7h 30)TP Mazembe yatsinze 4 kuri kimwe 1 ca Umoja A.

Isaha ya 3 (09h00) Cibitoke inyagira inkona Fc ibitsindo 5 kuri 2.

Nayo ku musi w’Imana bakaba bakinye uku gukurikira: Isaha ya gatatu (09h)Muslim Fc itsinda Mutakura Fc igitsindo 1 ku busa(0).

Kw’Isaha ya 4(10h00) Umoja B inyinyurana na na Ngoro Fc ku bitsindo bibiri ku bindi 2-2.

Iryo higanwa rikazobandanya no mu mpera z’iyi ndwi dutanguye. Mwomenya ko iyo zone yari ihitiyemwo ibibazo vyatanguye mu mwaka wa 2015 bigizwe n’inryane, umubano mubi, ndetse n’ubwicanyi butagira izina, ubu hakaba hariko hashirwa imbere gusubiza hamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878