Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Umurwi Dynamo waraye wirahiye Urunani BBC

Mu ntumbero yo guhimbaza isabukuru y’myaka 50 iheze umurwi wa Dynamo ubayeho, waratunganije ihiganwa wise « Dynamo Golden Jubilee » aho wari watumiye iyindi mirwi yose ikina umupira w’amaboko mu Burundi.

Uwo murwi ukaba waheruka kuronka instinzi y’amanota 54 kuri 47 mu rukino rwa nyuma waheruka gukina aho wari waramutse utana mu mitwe n’umurwi w’urunani BBC..

Nayo ku ruhande rw’abigeme, umurwi Berco Stars wirirahiye umurwi Les Gazelles mu rukino rwa nyuma bawusumbije inota rimwe gusa (amanota 40 ku manota 39).

Inyuma y’ayo mahiganwa, abakinyi Hakizimana Jean wo mu murwi Dynamo hamwe na Malick Ngenzahayo w’Urunani BBC batowe nk’abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi.

Mwomenya ko ku ruhande rw’abahungu, imigwi yari yitabiriye iryo higanwa ryatunganijwe na Dynomo yari : Urunani BBC, New Star, Dynamo New Look, Gymkhana, Target hamwe na Imbeya nayo ku ruhande rw’abigeme imirwi ya Berco Stars na Les Gazelles niyo yashoboye kwitabira ayo mahiganwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878