BurundiabavugiziDevelopmentFabeloveFinanceshomepagekirundiUSAVision2025

PND 2018-2027 : Umushikiranganji Domitien Ndihokubwayo ngo arizeye ko uburyo bukenewe buzoboneka

Reta y’Uburundi ngo ikeneye amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi ibihumbi mirongo ibiri kugira hashirwe mu ngiro umugambi w’iterambere ry’igihugu wo mu mwaka w’2018 ushira uw’2027.

Nk’uko vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo, umugambi w’iterambere ry’igihugu wo mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027 ngo utegekanijwe kuzotwara uburyo bungana n’amafaranga y’amarundi miriyaridi ibihumbi mirongo ibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu n’ine (20.364 milliards Fbu).

Uwo mushikiranganji akaba ngo yizeye neza naho ari menshi, ko ayo mafaranga azoboneka bivuye kw’ishaka ry’abanyagihugu hamwe n’inzira zivamwo uburyo mu Burundi.

Umushikiranganji Ndihokubwayo akaba yabishikirije kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 4 Ntwarante umwakw w’2019 aho yari yaramutse asigurira abashingamateka, abakenguzamateka hamwe n’abayobozi bakuru mu biro vy’umuhuza w’abarundi ibijanye n’uwo mugambi w’iterambere ry’igihugu.

Mu kurangiza, umushikiranganji Ndihokubwayo yahamagariye abashingamateka n’abakenguzamateka bari bitavye iyo nama kuja gusigurira abenegihugu babatoye ibijanye n’uwo mugambi w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768