homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Nahayo Valery mu nzira yo kuza gushigikira intamba mu rugamba

Nahayo Valery aritezwe i Bujumbura muri uku kwezi kwa Ntwarante aza gushigikira umugwi w’intamba mu rugamba wimirije urubanza rudanzwe.

Uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba, haraciye imyaka itari mike Nahayo Valery ari mu nzira aza i Bujumbura gushigikira intamba mu rugamba mu rukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca Africa Afcon 2019 ruzobahuza na Gabon kuwa 23 Ntwarante umwaka w’2019.

Valery aganira n’umumenyeshamakuru wa Buja FM Arsene Bucuti akaba yavuze ati : “Nzoba mpari kuza gushigikira batoyi banje muri urwo rukino ; ni twarutsinda canke tukanganya Uburundi buzoba bwandikishije amateka akomeye cane kw’isi ndetse no muri Africa mu bijanye n’umupira w’amaguru akazoba ari n’iteka ku gihugu”.

Nahayo Valery akaba hano mu Burundi yigeze gukinira umugwi Muzinga Fc aja muri Africa y’epfo akinira Jomo Cosmos ahereza mu Bubirigi mu mugwi La Gantoise Fc .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871