homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Umugwi APR Fc waguze umurorerezi w’umurundi

Umugwi w’igisirikare c’Urwanda APR Fc wamaze kugura umurorerezi akomeye cane w’umurundi umukuye muri AS Kigali .

Asman benshi bazi kw’izina rya Machalister akaba yavuye muri As Kigali kumvo z’ukutumvikana nivyo yari yabasavye niho APR FC guca imwitorera imwemerera ko izomuha ibintu vyose akeneye kugira aze ayibere umurorerezi wayo igihe cose izoba iriko irakina.

Asman akaba yabwiye Indundi sports y’uko APR Fc yamwemereye umushara mwiza cane imuha n’inzu azoba arabamwo igihe cose azoba akiri mu Rwanda kandi akiri umurorerezi wayo ndetse iranamwemerera n’ukuzomufungurira.

Bwana Asman akaba yagize ari : “Ego naguzwe na APR Fc kubera akazi kanje nkora k’uburorerezi bakaba banyemereye ibintu bitandukanye harimwi agashagara gatubutse, bampa n’inzu nzobamwo igihe cose nzoba ndi mu Rwanda ncitwa umurorerezi wa APR Fc ndetse barananyemerera kuzompa imfungurwa za buri musi”.

Uyo murorerezi w’umurundi wa kera wa Messager Bujumbura Asman Akaba yabwiye Indundi Sports y’uko agiye kwifadikanya n’abandi barorerezi b’intamba kugira bazoshigikire intamba mu rugamba mu rukino rwo kuwa 23 Ntwarante tuzobahuza na Gabon .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871