homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Justin Ndikumana yafashije Sofa Paka gutsinda Chamelil Sugar

Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana abandanya yitwara neza muri Kenya.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 09 Ntwarante umwaka wa 2019 , umugwi Chemelil Sugar wari wakiriye Sofa Paka Fc mu rukino rw’indwi ya 17 y’ihiganwa ryo muri Kenya, urwo rukino rukaba rwarangiye Chemelil Sugar utsinzwe na Sofa Paka Fc ibitsindo 3-0.

Igitsindo ca mbere kikaba cinjijwe na Mutamba Piston ku munota ugira 8 urukino rutanguye, ica kabiri gitsindwa na Waruru ku munota wa 33 w’urukino ica gatatu gisubira gutsindwa na Mutamba Piston ku munota wa 48 urukino ruca rurangira ibitsindo 3 -0.

Justin Ndikumana akaba yafashije Sofa Paka Fc gutsinda Chemelil aho yashoboye gukuramwo penariti imwe yari yatewe n’uwitwa Vincent Mahiga.

Sofa Paka Fc ikaba irangije igice ca mbere c’ihiganwa ryo muri Kenya iri mu kibanza ca gatatu n’amanota 30 mu nkino 17 imaze gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871