East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoroP squareTanzania

Idini ry’abana ba Diamond ryateye ibibazo

Abakurikirana urubuga rwa Instagram rwa Zari ntibatahura neza idini abana ba Diamond barimwo, kuko umwanya umwe umengo n’abakirisu, ariko akandi kanya ukamengo n’aba isilamu.

Idini ry’abana ba Diamond ryabaye ikibazo Ku rubuga rwa Instagram rwa nyina wabo. Aho ni mu gihe yari yashize kuri urwo rubuga foto yiwe n’imfura ya Diamond bambaye umwambaro w’abisilamu.

Abakurikirana ivy’uwo mugore bakaba bavuga ko ivyiwe bidatahuritse kuko umwanya umwe aboneka ari mw’isengero n’abana ariko akandi kanya akaboneka abana basa nk’aho ari aba isilamu.

Bamwe bakaba bamwibukije ko mu mwaka uheze babonetse bari mu rusengero. Ariko we akaba ataco arabasha gushikiriza. Aho mukamenya ariko ko we asanzwe ari umukirisu mu gihe Diamond wewe asanzwe ari umu isilamu.

Mukibuka ko abakunzi babo bagumye basaba abo bakunzi kuva kera basi gukora ubugeni bw’idini ry’iki isilamu, ariko bo bakavyirengangiza cane gose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769