BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusicUncategorized

Foto ya Sat-b na Belle Nice yateje ikibazo kubera ukuboko kwari…

Kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 27/2, umuririmvyi Bizimana Aboubakar Karume benshi muzi nka Sat-b yasangije abarenga 100,000 bamukurikirana ku rubuga rwa Instagram amashusho arikumwe n’umukunzi wiwe Belle Nice, ishusho yakunzwe n’abatari bake. 

Rimwe muri ayo mashusho rikaba ryateje ikibazo gikomeye kubera ikibanza cabonetsemwo ukuboko kwibajijwe kuba ari ukwa Sat-b ariko ari ukw’uwo muririmvyikazi asanzwe ari n’umuvyeyi mugenziwe.

Ukwo kuboko kukaba kwabonetse gufashe kw’itako, aho abatari bake babashije kugira ico bashikirije kuri iyo foto babajije ico ukwo kuboko kuriko kurakora kuri iryo tako.

Ariko hampande y’ayo makenga yabonetse ku batari bake, hakaba hari n’abandi bataravye utwo tuntu duto duto ariko bakeje abo bakunzi.

Ayo mashusho akaba ariyo yonyene arikumwe n’uwo mukunzi wiwe ari kuri urwo rubuga uno musi rubarizwako ama Posts 42 gusa, harimwo mashasha n’aya Kera cane, bikaba bishoboka ko zabitswe, canke zafuswe. Rikaba rizoba ribaye irya 2 kuko yigeze gufuta izitari nke inyuma y’ukuva mu rugendo yarafise muri Tanzania.

Mukibuka ko Sat-b aza mu kibanza ca 1 mu baririmvyi hano iwacu bakurikirwa cane kuri urwo rubuga rwa Instagram, aho akurikirwa na Big Fizzo nawe aheruka gukwiza 100,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799