homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Moustapha Francis Njali yaraye afashije Gormahia gutsinda Kakamega home boys

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba yaraye akoze ibikora inka mu rukino rwaraye rubahuje na Kakamega home boys .

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ntwarante umwaka wa 2019 aho umugwi Gormahia wari waraye wakiriye umugwi Kakamega Home boys mu rukino rw’indwi ya 18 y’ihiganwa ryo muri Kenya, urwo rukino rukaba rwararangiye umugwi Gormahia utsinze Kakamega Home boys ibitsindo 2 kuri 1.

Moustapha Francis Njali niwe yaraye afashije Gormahia gutsinda Kakamega mu gutsinda igitsindo ca mbere ku munota wa 67 w’urukino asubira ahereza umupira mwiza cane mugenziwe Boniface Omondi ashiramwo ica kabiri nayo igitsindo kimwe rukumbi ca Kakamega Homeboys gitsindwa na Luke Manda .

Francis Njali akaba ari mu bakinyi 25 b’intamba mu rugamba bahamagawe n’umumenyereza mukuru Alain Olivier Niyungeko kugira baze gutana mu mitwe na Gabon mu rukino ruzoba kuwa 23 Ntwarante uwu mwaka.

Gormahia Fc ikaba yaciye irara mu kibanza ca kabiri n’amanota 32 mu nkino 18 umaze gukina mw’ihiganwa ryo muri Kenya .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871