BurundiIKIRUNDI_newskirundikirundi_Sports

Road to Viva basketball League 2022 igeze Ku ndwi ya 9

Mw’ihiganwa ritegura ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye “Viva basketball League”, iryo higanwa rizokwitabirwa n’imigwi 6 yo mugisagara ca Bujumbura n’imigwi 4 yo mugihugu hagati.

Aho bukera rikazoba riteye ku ndwi yaryo igira icenda ari nayo yanyuma y’ihiganwa.

Inkino zirabandanya kuri uno wa gatandatu hamwe no kuwamungu ku magenekerezo ya 26 na 27 Ntwarante 2022.

Izo nkino zose zikaba zibera ku kukibuga ca Département.

Kuwagatandatu igenekerezo rya 26 Ntwarante 2022

-Kern uzohura New Star
-Remesha ihure na Mutanga United

Ku musi w’Imana ihiganwa rizobandanya igenekerezo rya 27 Ntwarante 2022

-Muzinga ihure na Gymkhana
-Dynamo n’ Urunani.

 

Tubamenyeshe ko umugwi Dynamo umaze gutsinda inkino 2 gusa mu kurondera itike ryo gukina ihiganwa rikuru ry’igihugu bitiriye “Viva Basketball League”

Tubibutse kandi ko imigwi Ine(4) yo mugihugu hagati yoyo yamaze kumenyekana, aho twobabwira nka Aigle Noir, Brothers,Tigers hamwe na Young Eagles.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 673