BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

T Max agiye kugarukanwa mu muziki na EP azitirira izina ryiwe

Inyuma y’igihe kitari gito umuririmvyi T Max adashira ahabona igikorwa na kimwe c’umuziki, ngo hari ibikorwa bitari bike ariko arategura gushira ahabona. 

Mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu zikorera ku rubuga rwa Youtube, uwo muririmvyi yateye intege abaririmvyi batandukanye bariko barakora neza muri kino gihe, ngo bagume bakora cane naho igihugu cacu muri kino gihe kidafise ikibanza ciza muri kano karere.

Ku kibazo c’ico ariko arakora mu bijanye n’umuziki, uwo muririmvyi yavuze ko afise ibikorwa bitari bike biriko birakorwa hirya no hino. Muri ico kiyago yavuze kandi ko hari EP ariko arategura izoshirwa ahabona vuba, naho atavuze neza neza ryari izoshirwa ahabona.

Uwo muririmvyi yavuze ko iyo EP ariko arategura izoba ifise izina rya TMAX, naho atatomoye neza igitigiri c’indirimbo canke abaririmvyi bandi bazumvikanamwo.

Mwomenya ko ico kiyago na Isanamu Media TMax yagikoze aho yari yagiye gushigikira mugenziwe Big Fizzo mu bubirigi aho yarafise igiteramo kuri uyu wa 19/3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775