Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Umunya Misiri niwe azohagarikira urukino rw’Uburundi na Gabon

Umunya Misiri Gehad Grisha niwe yatowe kuzohagarikira urukino ruzohuza Uburundi hamwe na Gabon .

Ishirahamwe ritwara abahagarikizi b’ umupira w’amaguru muri Africa CAF ryamaze gushira umuhagarikizi azohagarira urukino rwo kurondera itike yo gukina CAN2019 ruzohuza intamba mu rugamba hamwe na Gabon kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka wa 2019.

Uyo muhagarikizi w’umunya misi uyu mwaka akaba amaze guhagarikira inkino 14 z’ihiganwa ryo muri Misiri hamwe n’inkino mpuzamakungu za CAF Champions league .

Muri izo nkino zose amaze guhagarikira amaze gutanga ikarata 46 z’umuhondo, 3 zitukura hamwe na penariti 5.

Akaba yaratowe mu bahagarikizi 36 bahagarikiye igikombe c’isi yose c’umwaka wa 2018 cabereye muri Russia , akaba kandi yarahagarikiye urukino rwahuje Ubwongereza hamwe na Panama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878