Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Aigle Noir ishobora gutakaza abakinyi bayo bakomeye

Umugwi Aigle Noir w’i Makamba umwanya n’umwanya ushobora kubura bamwe mu bakinyi bawo bakomeye.

Mu gihe umugwi Aigle noir umaze kuba utwara ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2018/2019 uburongozi bw’uyo mugwi bumaze kuba bushira ahabona abakinyi bashobora gutakaza na bashobora kubasubirira.

Kuri uyu wa 17 Ntwarante umwaka wa 2019 umukuru w’inama nkenguzamateka asanzwe ari nawe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ari kumwe n’umurongozi w’umugwi Aigle Noir Reveriyano Ndikuriyo yashize ahabona abakinyi umugwi Aigle Noir ushobora kutazana mu rukino hamwe n’abashobora kuzobasubirira.

Reveriyano Ndikuriyo akaba yadondanguye abakinyi batanu ba Aigle Noir bakomeye bashobora kugenda muyindi migwi, abo nabo akaba ari aba bakurikira :

  • Kanakimana Bienvenue
  • Mabano Shabani
  • Mavugo Cedric Tity
  • Issufu Nyange
  • Moustapha Seleman

Akaba yavuze y’uko abo bakinyi baramutse bagenda bamaze kuronka ababasubirira abo nabo bobasubirira bikaboneka y’uko ari abakinyi b’abanyamahanga nkuko biboneka ku mashusho yabo yashize kuri Facebook yiwe .

Mukamenya y’uko umugwi Aigle Noir ari nawo uzoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF champions league hamwe na CECAFA Kagame Cup 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878