EntertainmentAkes Donhomepagekirundimuzik na wasaniUnicef Burundi

Indirimbo ya Sat-b na Meddy ntizosubizwa gushika bamurishe nk’ayo bahaye Meddy

Wanda agiye gutanga kwa sat-b indirimbo zose yaramufitiye uretse iyo bakoranye na Meddy, ngo mpaka Sat-b bamurishe nk’ayo barishe Meddy kugira bakorane.

Indirimbo zose za Sat-b yarafitiwe na Wanda Boy ngo zigiye gusubizwa, ivyo biheruka gushikirizwa na Wanda ubwiwe ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Ivyo akaba yabishikirije mu butumwa bwo kumenyesha ko ata kibazo agifitaniye na Sat-b kuko Wanda yamubabariye.

Muri ubwo butumwa avugamwo ariko ko indirimbo Sat-b yakoranye na Meddy itazosubizwa, igituma ngo nuko Dj Paulin yashikirije ko indirimbo yari iyiwe, none ngo amafaranga yarishe Meddy nayarihe na Sat-b gutyo abone kumuha iyo ndirimbo.  Ataruko uwo musahirizi wa Trust No Body avuga ko iyo ndirimbo izoca isohokera musi y’uburongozi bwa Label yiwe.

Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma y’amajambo atari make yashikirijwe, ayo akaba arimwo ko indirimbo izohava ikurwamwo amajwi ya sat-b hakajamwo ay’umuririmvyi Nelson B ari musi y’uburongozi bwa Trust no Body.

S’ivyo gusa kuko na Sat-b yavuze ko hari umugambi w’uko iyo ndirimbo izoheraherezwa mu gihugu c’Urwanda, bakanakorerayo amasanamu. Ariko Dj paulin we muri ico gihe akaba yavuga ko iyo ndirimbo ayirindiriye vuba kuko umuhinyanyuzi yamubwiye ko agiye kuyirangiza, akayimuha agarutse i Burundi.

Mukibuka ko vyavuzwe ko Sat-b yari yarihiwe amafaranga atari make na Dj paulin kugira Meddy yemere gukorana nawe indirimbo, ayo mafaranga akaba yari ayo yohembwe mu giteramo Meddy yari gukorera i Bujumbura kitashoboye kuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769