BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Hari ivyosabwa Kirikou kugira yemere gusubira muri Bantu Bwoy

Kirikou ngo nta wamwirukanye muri Bantu Bwoy, naho habayeho ibihuha bitari bike bivugwa ko birukanywe. 

Mu kiyago na Mista champagne, Big Fizzo yemeye ko umuririmvyi Kirikou Ari nka hamwe ashimye kugaruka muri Bantu Bwoy, ngo ntacobibuza kuko ari muhira.

Ivyo uwo muririmvyi akaba na CEO wa Bantu Bwoy yabisiguye yisunze ko ngo abo baririmvyi aribo bashimye gukinjura muri uwo muryango.

Big Fizzo akaba ariko Kandi yanasiguye ko honasabwa ko uwo muririmvyi akurikiza ivyo iyo Label isaba Ari nka hamwe ashimye kugaruka muri Bantu Bwoy.

Big Fizzo akaba yabishikirije ari Mista Champagne abimubajije kuri Live ya Instagram baheruka gukora, aho bavugiye ibintu bitari bike.

Mwokwibuka ko abasore uko Ari 2, Kirikou na Double Jay, bose ata numwe arashikiriza ubuzima bashobora kuba babayemwo, ariko bakaba bashikirije ko icatumye bashima kutabandanya aruko bipfuza nabo gutambuka badafashwe amaboko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775