BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Olegue ngo yoba atumviriza Impanuro z’abamukurira

Mu gihe hariho abatari bake badahengeshanya kumuba hafi igihe cose agize ibibazo, Olegue ngo iyo Ari mu munezero ngo ntamubona.

Simbizi nawe abona ko umuririmvyi yarakwiye kuba afise abahanuzi bakomeye, bajejwe kuraba ibijanye n’ivyo ashikiriza.

Uwo muririmvyi akaba Kandi n’umwe mu bakurikiranira hafi umuziki wa hano iwacu, avuga ko Olegue yarahiriwe ahishije asanzwe yarafise Maître Muvayo Jean ngo yomugiriye inama, ariko ntana rimwe yigera amwegera.

Ivyo vyashikirijwe na Simbizi mu kiyago yagiranye na Juste Gael, bikaba bije bisanga Screenshot y’ivyashikirijwe n’uwo mushingwamanza yikorwako buri gihe aruko umuririmvyi agize ibibazo, Aho yanditse ko adahengeshanya guhanura Olegue ngo arondere umu Manager Professional ariko ngo yoba yasanze bitari ngombwa.

Iryo jambo nyene rikaba ryaheruka gushikirizwa kuri Sat-b aho umumenyeshamakuru Espoir B5 yashikirije ko Sat-b yarakwiye umunyepolitique amubwira uko yoza yigenda muvyo ashikiriza. ico gihe hakaba hari igihe bamufitiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Gushika ubu ivyagizwa Olegue, co kimwe n’ivy’urubanza rwiwe bikaba bitarabasha kumenyekana, ariko akaba yafashwe inyuma ya Video yakoze ariko amenyekanisha igiteramo ciwe, icahavuye gihagarikwa n’abajejwe intwaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775