kirundiIKIRUNDI_newskirundi_SportsUncategorized

Urunani BBC rugiye gutanga imidoka igira gatatu Ku bakinyi mu bufatanye na BBCI

Mu gihe ihiganwa rito ritegura ihiganwa rikuru bitiriye Viva basketball League rwamaze kurangira rutahukanywe na Dynamo,mu mugwi Urunani hoho ubushimwe bubandanya gutangwa, abakinyi batatu bakaba bariko barahiganirwa ikibanza c’umukinyi umwe yigenjeje neza mukwezi kwa gatatu.

Mwabo bakinyi hakaba harimwo umukinyi akiri muto kandi yakunzwe cane mugihugu kibanyi c’Urwanda ndetse benshi mu bakinyi bishimiye cane igaruka ryiwe, eka n’abakunzi b, umupira w’amaboko baravyishimira cane azwi kw’izina rya Guibert Nijimbere.
Guibert akaba ariko arahiganwa n’ibindi bihangange nka

-Oly Jordy Mogard Ndagijimana umukinyi ari Ku muvuduko mure mure wo gutera imbere muri urwo rukino.

-Bwanga Michael umukinyi afise uburambe muri urwo rukino, kuburyo yizewe avanwa mu mahanga azanwa gukina hano mu gihugu ahawe n ‘uturusho tutari duke.

Agashimwe k’imodoka gaheruka kakaba kari katahukanuwe n’umugande Peter Obleng .

 

Tubibutseko ihiganwa rikuru bitiriye Viva basketball League buca ritangura ku magenekerezo ya 07/05/2022,abakunzi b’Urunani bahamagarirwa gushigikira umurwi wabo.

 

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 664