homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Div’s: Morale niyo ndirimbo ya mbere agiye gusohora vuba

Div’s ni umuririmvyikazi w’umurundi. Tuvuze ko ari mushasha ntitwoba dushikuje kuko twatanguye kumubona mu mareresi magufi atwenza neza na neza muri Team Mutima.

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Magazine yavuze ko indirimbo yiwe yambere nayo twanamumenyeko “kyiooh, uwo mwigeme avuga ko iyo ndirimbo bayimwandikiye, bisa nk’uko yari aje kudodora arabe uko bomwakira mu muziki. Ariko muri uku kwezi kwa Rusama kudahera ngo atarekuye indirimbo ikaba ari nayo azoba yita ko ari iya mbere nayo izindi zizogenda zikurikira.

Div’s agira ati: “Abaririmvyi benshi babandanya bantera intege n’abamfasha babandanya bibonekeza ndashima Imana ukobiriko biragenda n’aho intango yama igoye. Ndakunda abaririmvyi bose b’abakobwa cane cane abakora umudiho wa Rap, indoto zanje nuko twoja hamwe tugakorana indirimbo imwe.”

Yarangije atera akamo abo bose banyamitahe bashaka gufasha abaririmvyikazi birinde kubasaba amananiza babafashe n’umutima ukunda ibikorwa vyabo apana umubiri wabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755